Scroll to Top

Intamba mu rugamba zatahukanye inota 1 co kimwe na Mali

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 16 Oct 2018 15:17 PM / /

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 16 Gitugutu, niho hari haramutse haba urukino rukomeye rwo kurondera itike ryo kwitabiri igikombe c’Africa kizobera muri Cameroun umwaka wa 2019. Urwo rukino rwahuje Umugwi w’intamba mu rugamba hamwe n’umugwi les aigle du Mali.

Urwo rukino rwabereye ku kibuga citiriwe umuganwa rudoviko Rwagasore rukaba rwarangiye Intamba mu rugamba zigabuye inota rimwe na Mali kuko banganije igitsindo 1-1.

Intamba mu rugamba nizo zatanguye gutsinda igitsindo biciye ku musatirizi wabo Fiston abdoulrazzaq Ku munota wa 10 w’urukino. Ico gitsindo cahavuye kigomborwa n’umukinyi Mamadou Foufana Ku munota wa 49 w’urukino. Iyo migwi yose yagumye isatirana gushika Ku munota wa 90 w’urukino baraheba banganya inota rimwe rimwe.

Kunganya kw’intamba mu rugamba kwatumye ufata ikibanza ca gatatu (3) n’amanota 6, mu gihe Mali yagumye mu kibanza ca mbere n’amanota umunani (8) , Gabon nayo ifata ikibanza ca kabiri (2) Soudan y’epfo nayo ikaba yagumye Ku kibanza ca nyuma n’amanota ubusa (0).

15,731 total views, 0 views today

Add Comment