Scroll to Top

#Urwevu| I ma rimwe rirateba rigasatura igitandara. Wobihagurukira, wobishobora nyene!

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 17 Oct 2018 05:47 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Mu kiringo rero woba waramaze gufata ingingo y’ikintu uzoba uri mu myaka hagati ya 5 na 10, ni vyiza ko wimenya, ukicara hasi ukiyumvira, ukiraba hasi hejuru, inda n’indesho, ukaraba yuko ufatiye ku buryo ufise uwu musi, inkomezi ufise, vy’ukuri ubona ivyo vyonyene vyohava bigushikana kw’isonga.

Dufate akarorero ko wafashe ingingo y’uko uzoba aufise amafaranga angana ibihumbi cumi vy’ama dolari y’abanyamerika( 10.000 US dollars)  mu myaka itanu. Ubu none wiravye ukica hirya no hino ubona ayo mahera uzoyaronka gute? Uwo wewe uri uwu musi ubona yoshobora gushika kuri iryo hangiro muri iyo myaka itanu?

Kenshi na kenshi rero , nk’uko abahinga babivuga, inyishu yama ari oya. N’ukuvuga y’uko hariho ibintu vyinshi utegerezwa guhindura kugira ube umuntu yoshobora gushika kuri uwo musozi. Hari ibintu vyinshi utegerezwa kwiga. Hari vyinshi na canecane utegerezwa guhindura muri wewe nyene.

Igitumye uwu musi umera gutyo uri kiri muri wewe nyene, aho ndani. Ico kiri muri wewe gitumye umera uko uri uwu musi, ntigishobora kukwemerera ejo kuba uwundi muntu mukiringo kikimeze uko nyene. Uwo ni we Goliati wawe. Uwo niwe aguteye kumera uko uri.

Abahinga baguhanura ko wobanza kunigana na wewe nyene, ukarwana na ba Goliati bawe , mpaka maze umaze kubatsinda uzoheza rero, ibintu vyo mu buzima( les circonstances de la vie) biheze bikwambike impuzu y’Umwami, maze biguhe kujandajanda ku dutwe tw’imisozi yawe.

IVYO UFISE UWU MUSI, BIJANYE N’UKO NYENE USANZWE UMEZE MURI WEWE NYENE. NTUSHOBORA GUHINDURA IVY’INYUMA UDAHINDUYE IVY’IMBERE.

Icara hasi, witonde, wiyitegereze. Urondere kumenya ahari inkomezi zawe. ( Forces) , wige na canecane ahari inguvu nke zawa( faibless), urabe rero mbere n’amahirwe wari ufise kugira utere intambwe( Opportunités) hama rero wikubite agashi urabe hirya no hino ingaruka mbi zishobora( Menaces)  kuba mu kiringo utofata ingingo zikwiriye.

 

12,585 total views, 0 views today

Add Comment