Scroll to Top

#Urwevu| Mu bwonko bw’umworo. Kenshi ngo yibona yifatiye mu kivunga

By Indundi Staff / Published on Thursday, 18 Oct 2018 11:19 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Ikindi kintu rero abahinga babonye mu buryo ivyiyumviro vy’umworo vyigenza ufatiye ku mihora inyarutse aba yaraciye mu bwonko nk’inyishu y’ivyo arimwo, ngo umworo kenshi akunda kwibona afatiye ku bandi. Ni nk’uko , umworo mu kurondera gutanga inyishu y’ivyo arimwo aheza akaraba hirya , maze asanze benshi nyene bameze nkawe, biraheza bigasa nk’inyishu yihuse ashikirije umushaha wiwe.

Aboro rero ngo kenshi arashobora n’ukurondera ukwo yohindura uko yabaho kugirango bihure n’uko abandi babayeho mu karere atuyemwo. ( Aha i wacu umuntu arashobora gutinya kwubakisha amabati ngo bomuroga, ababanyi).

Yamara abifise bobo ngo ntabwo bimeze gutyo. Abahinga babitohoje baraheza bagasanga abifise bobo ngo umwe wese yibona aciye ku nkomezi ziwe we nyene, atarinze kurondera imvo zotuma asigura ivyo arimwo.

URARABA NEZA AHO UHAGAZE WIVYUKIRANYE! ( Ubukene kenshi buradutwara agahinkira tukama twibaza ngp ntidukenye naho karabaye. Iyo wambaye ikirato gitabutse gatoya, maze ugakubitiza hirya ijisho ukibuka ko hari n’abatagifise, uraheza ukumva umengo urarose inyishu yihuse iguhumuriza kumbe n’iyije kuguwhamika gusa)

25,899 total views, 0 views today

Add Comment