Scroll to Top

Abakunzi b’intamba basabira Ntibazonkiza saido ikigongwe

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 18 Oct 2018 07:19 AM / /

Inyuma y’urukino Intamba mu rugamba zanganije n’umugwi les Aigle du Mali igitsindo 1-1, abakunzi b’Intamba mu rugamba babona ko Saido Ntibazonkiza nawe yari akenewe cane .

 

Ku makuru abakunzi b’intamba bahaye abamenyesha makuru bashoboye gutakambira nyakwubahwa Reveriano Ndikuriyo kugirira ahe ikigongwe, uwo mukinyi nawe azokwifadikanye na bandi mu nkino zibiri zisigaye zizoduha ubugengazira bwo gukina AFCON 2019 izoba muri Camerou, izo nkino zikazoduhuza na Soudan y’epfo hamwe na Gabon.

Saido Ntibazonkiza muri kino gihe akaba asanzwe ari mu gisagara ca Bujumbura aho bivurwa yuko yaje kuramutsa umuryango wiwe .

Intandaro yo guhanwa kwuwo mukinyi akaba aruko yitwaye nabi mu mugwi nserukira gihugu bituma ahanwa n’uworongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB ariwe Reveriano Ndikuriyo.

18,074 total views, 0 views today

Add Comment