Scroll to Top

Imodoka niryo turo Arakaza Mac Arthur yaturiye nyina amuvyara

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 18 Oct 2018 09:14 AM / /

 

Umukinyi w’umunyegori w’umurundi akina muri Kenya mu Mugwi Kakamega Home, Arakaza Mac Arthur yaguriye nyina wiwe Imodoka iri mu bwoko bwa Porte.

Uyo mukinyi w’umunyegori hampande yo kugurira imodoka nyina wiwe asanganywe izindi zigera kuri zitatu. Imwe akaba ariyo atwara izindi zibiri zikaba zikora mw’ibarabara zirondera umukate w’abana ,imwe ikaba ikora taxi , iyindi ikaba ikaba yunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura .

Igikorwa co kugurira nyina imodoka kikaba gishimisha abantu benshi kuko Marc ari mu bakinyi benshi mu Burundi basanzwe bafise uburyo ariko umutima wo gufasha abavyeyi babo usanga ari muke gusumba n’abagore babo.

Marc Arthur , akaba yitezwe gushika i Bujumbura mu mpera z’uku kwezi kwa Gitugutu .

Artur akaba yakiniye umurwi nserukira gihugu intamba mu rugamba incuro zitari nke aho twovuga ko mu ma Cecafa atandukanye , CHAN 2013 yabereye Africa y’Epfo ndetse na mahiganwa yo kurondera ama tike yo gukina igikombe c’Africa CAN , ndetse no guhatanira gukina mu gikombe c’isi .

25,503 total views, 0 views today

Add Comment