Scroll to Top

# Indundi Sports | Musongati Fc yafatiwe ibihano hanwe n’abakunzi bayo

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 20 Oct 2018 06:30 AM / /

Ishirahamwe ry’umupiwa w’amaguru mu Burundi FFB ryahanye umugwi Musongati Fc bivanye n’inyifato itabereye yerekanywe na ba sindamuheba bawo(abafana) mu rukino rwo kw’igenekerezo rya 07 Gitugutu umwaka wa 2018 , rwabahuje na Aigle Noir.

Intandaro yo gufatirwa ibihano akaba aruko igihe Aigle Noire yari ihejeje kubatsinda igitsindo, iriko yigina itsinzi imbere y’abarorerezi ba Musongati Fc , abo nabo kubw’ishavu baciye batangura gutera amabuye abakinyi ba Aigle gushikaho umwe akomereka bikomeye aja kuvurwa.

Musongati Fc ikaba yahanishijwe igihano c’uko inkino zose zisigaye z’igice ca mbere c’ihiganwa rya Primus league zari kubera Ku kibuga cabo citiriwe”ingoma” kiri mu Ntara ya Gitega izozakira atabarorerezi bazoba binjiye mu kibuga. Ikaba yari isigaje inkino z’indwi ya 12, 13, 14, na 15.
Uwo murwi ukagirizwa kandi gukoresha ibijanye n’amarozi n ‘ ibifukerezi.

Mu kibukako urwo rukino rwararangiye Umugwi wa Aigle Noir unganije n’a Musongati Fc , ibitsindo 4-1.

18,007 total views, 0 views today

Add Comment