Scroll to Top

I milioni 60 nizo zari zemere Intamba iyo zatsinda Mali

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 20 Oct 2018 09:18 AM / /

 

Umugwi w’intamba mu rugamba iyo wari gutsinda Mali wari guca uhabwa ibahasha ingana n’imirioni 60 z’amafaranga y’amarundi n atanzwe na Ndikuriyo Reveriano aramutswa inama nkenguza mateka , akanarongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB.

Naho bahomvye ayo mahera , bahavuye bahwa umurioni umwe (1) wayo.

Mu kibukako Intamba mu rugamba zanganije na les Aigles du Mali igitsindo 1-1 mu rukino rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za AFCON 2019 zizobera muri Cameroun.

Intamba mu rugamba , zikaba zaraye mu kibanza ca gatatu , n’amanota 6, mu gihe Mali zaraye zigumye mu kibanza ca mbere n’amanota 8 , Gabon nayo igafata ikibanza ca kabiri n’amanota 7 , mugihe umugwi wa nyuma ari Soudan y’epfo ifise amabota 0.

17,114 total views, 0 views today

Add Comment