Scroll to Top

Uburundi bwungutse ibibanza 6 muri FIFA

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 25 Oct 2018 17:20 PM / /

Nkuko vyama bimeze buri ukwezi , ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA buri ukwezi ryama ritanga urutonde rw’uko imigwi isumba sumbana amanota kw’isi.

Intamba mu rugamba zikaba zungutse ibibanza 6 muri kino gihe, ziri mu kibanza ca 142 Ku migwi 211, mu gihe mu kwezi guheze Uburundi bwari mu kibanza ca 148.

Icoba catumye igihugu c’Uburundi cunguka ibibanza 6 vyose , N’ukungebe uguma witwara neza mu mahiganwa yo kurondera itike ryo gukina igikombe ca Africa kizoba muri Cameroun umwaka wa 2019.

Mu nkino zine Uburundi bumaze gukina, nta rukino na rumwe buratakaza. Bukaba bumaze gutsinda urukino rumwe no kuganya inkino zitatu.

5,314 total views, 0 views today

Add Comment