Scroll to Top

Karumba Jean yahawe amasezerano yo kumenyereza Delta star

By KING YANN COOL / Published on Friday, 26 Oct 2018 00:35 AM / /

Inyuma yo kwirukanwa mu mugwi inter Star ata n’ihiganwa riratangura ryo mu cicaro ca kabiri , Umumenyereza Karumba Jean batazira Tigana yamaze guhabwa amasezerano yo kumenyereza Umugwi Delta Star amezi atandatu (6).

Delta Star ukaba ari Umugwi wo mu cicaro ca Kabiri , ukaba ari nawo wakinye urukuno rwa nyuma rw’igikombe c’Umukuru w’igihugu c’Umwaka uheze n’Umugwi wa Vital’o ariko ntiwigeze uronka amahirwe yo guserukira Uburundi mu mahiganwa ya CAF confederation Cup kuko watsinzwe na Vital’o muri urwo rukino rwa nyuma ibitsindo 3 kuri 1.

Karumba jean akaba amaze kumenyereza Imigwi itari mike ya hano iwacu nka Le Messager Bujumbura, Inter Star, yamenyereje na As Muungano yo muri repubirika iharanira demokarasi ya Congo. Muri kino gihe akaba yahawe amasezerano yo kumenyereza Delta Star yo mu Gatumba.

5,064 total views, 0 views today

Add Comment