Scroll to Top

Real Madrid uhanurwa kurondera igihangange gisubirira Cristiano

By KING YANN COOL / Published on Friday, 26 Oct 2018 01:00 AM / /

Naho Real Madrid bahinduye umukenyuro, ngo bari bakwiye kurondera ikindi gihangange gifata ikibanza ca Cristiano.

Naho Real Madrid iriko iratsindwa muri kino gihe kubera ukubura umusatirizi abushitse, bamwe mu bakinyi baciye muri uwo murwi babona ko bakwiye guha akanya uwo mumenyereza mushasha, Julen Lopetegui.

Ariko naho abibona uko, uwo musatirizi yahoze muri uwo murwi, Predrag Mijatovic, avuga ko hari hakwiye kuronderwa ikindi gihangange cosubirira Ronaldo. Akabivuga afatiye ko abo Real Madrid yari yizeye kumusubiriza, Benzema na Gareth, ata musaruro berekana. Abo akavuga ko badashoboye ikibanza babahaye.

Predrag akavuga ko ata nkeka Real Madrid bari bakwiye kurondera uwundi nusatirizi kugira bikunde ico kibanza Cristiano yaramazemwo imyaka 9 ntikigume kigaragara.

Mukamenya ko uwo murwi wa Real Madrid witeze gutana mu mitwe n’umurwi wa FC Barcelona kuri uyu wa mungu.

5,356 total views, 0 views today

Add Comment