Scroll to Top

Neymar ashaka kuva muri PSG agasubira muri Barcelona

By KING YANN COOL / Published on Friday, 26 Oct 2018 12:33 PM / /

Neymar yipfuza cane gusubira muri FC Barcelona, naho Real Madrid imushinze ijisho, inyuma y’ikinjura rya Cristiano.

Inyuma y’umwaka umwe gusa Neymar ashitse muri PSG mu bufaransa, ngo yoba yaranguye kurambirwa n’aho hantu. Ivyo bikaba vyashikirijwe n’ikinyamakuru l’express kuri uno wa 5.

Ayo makuru bakesha ikinyamakuru Deportivo Mundo, avuga ko imvo nyamukuru nuko yoba abona ko ubuzima bwo muri PSG bworoshe gusumba ubwo muri FC Barcelona. Ico kinyamakuru kikandanya kandi kimenyesha ko uwo musore w’umunya Brazil yoba kandi akumbuye ibihangange bigenziwe nka Messi, Suarez na Coutinho.

Naho wumva ashaka gusubirayo, abakinyi b’abanya Brazil bobo babona ko umurwi wa FC Barcelona wama ufata nabi abakinyi b’abanya Brazil mu gihe bariko baheza amasezerano yabo. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Ronaldo, igihangange co mu mupira w’isi wa 2002. Akaba yatanze uburorero bw’amazina atandukanye nka Neymar, Romario, Ronaldinho nawe nyene ubwiwe.

Naho biruko ayo makuru abandanya avuga ko Real Madrid bo yoba ariwe bahanze Amaso cane inyuma y’ugukinjura kwa Cristiano Ronaldo akerekeza muri Italie mu murwi Juventus de Turin.

 

41,209 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment