Scroll to Top

Primus league : Uko imigwi igiye guhura Ku ndwi ya 13

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 27 Oct 2018 04:52 AM / /

 

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 26 niho haramutse haba urukino rumwe rw’indwi ya 13, urwo narwo rukaba rwarangiye Umugwi Buja city wirahiye Rukinzo Fc ibitsindo 2 kuri 1.

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 27 Gitugutu hategekanijwe inkino zikurikira:

-Ku kibuga c’Urumuri mu Ruyigi Umugwi Aigle Noire uzakwakira Athletico Olympic isaha icenda z’umuhingamo 15h.

– Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore Umugwi les lierres uzakwakira Bumamuru isaha indwi n’igice z’umuhingamo 13h30.
-Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore Messager Bujumbura uzakwakira Messager Ngozi Isaha Cumi 16h.
– Ku kibuga c’Ingoma I gitega Umugwi Flambeau du centre uzokwakira Umugwi Flambeau de l’Est.

Kw’igenekerezo rya 28 Gitugutu hazoba inkino zikurikira:

Ku kibuga c’Ingoma Igitega Umugwi Musongati Fc uzokwakira Kayanza United Isaha icenda 15h.

– Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore Umugwi Vital’o Fc uzokwakira Umugwi Ngozi City igihe c’isaha indwi n’igice 13h30.

Ku kibuga citiriwe Umuganwa Rudoviko Rwagasore Umugwi LLBS4A uzokwakira Umugwi Olympic Star isaha icumi 16h.

45,561 total views, 0 views today

Add Comment