Scroll to Top

#Urwevu| Ku nzira ija mu bushorishori uze ushire imbere IMANA. Niyo izi iyo inzahabu zibitse

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 06 Nov 2018 08:53 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Abahinga bose mu bwenge bunyuranye tugenda turabarahurira hirya no hino barerekana y’uko ubuzima tubayeho aha kw’isi dushitsa amaso, bufitaniye isano cane n’ubwo tubaho mu buryo bw’impwemu. Ibiri hanze ni igitutu c’ibiri mu nzu. Kandi rero uburyo bwiza kandi burama bw’uguhindura ibiri inyuma ni uguhindura ubwa mbere ibiri imbere.

Ivyo uri muri buno buzima rero nivyo vyerekana ivyo uri mu buzima bw’impwemu. Ubwo buzima bw’impwemu rero nabwo bufatanye cane n’uko wewe wiyumvira, uko ubayeho, uko ubona ubuzima, uko ubona ibigukikije …, eka n’ibindi. Mukazoraba igiti murikumwe na mugenzawe ntuzohave ugira ngo burya mwese mwakibonye kumwe. Mukazoraba amazi muri babiri burya ntugire ngo mwese muzoyabona kumwe. Umwe wese arafise uko azoyabona bifatanye n’ivyiyumviro vyiwe ku bujanye n’amazi.

Ugashaka kumenya ibisabwe kugira uje ku masonga , uzokubitize akajisho muri bibiriya, maze uheze urabe ivyo umwami Dawidi yavuze mu kiringo yariko arabaza Imana yongera yiyishura , ayibaza ati mbega ni nde azoshika hiyo mu misozi. Aha mu buryo bw’ingereranyo mu mpwemu uzobonamwo ko biza gusa n’isonga nawe ushaka gushikako.

Urazoca urwo rwevu urabe rero Zaburi ya 15, uzoheza ubone ivyo usabwe nk’inyifato kugira mu buryo bw’impwemu ushobore gushika hariya hejuru, mu bushorishori.

14,341 total views, 0 views today

Add Comment