Scroll to Top

#Urwevu| Wame uzirikana ko ibiguhanze(ba Goliati) biri muri wewe nyene.

By Indundi Staff / Published on Thursday, 01 Nov 2018 11:13 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Iyo hirya iwacu mu gihugu hagati  twakuze twumva abavuga ngo naka ararwaye amashinga. Abandi nabo bavyita ngo afise abavyeyi. Ivyo rero bita ngo ” Abavyeyi” vyaba ari ibiri muri we yamara vyovyo maze bigaheza ngo akaba arivyo bimuha ubushobozi bw’ugushika kuvyo yipfuza. Amashinga nayo nkeka yoyo ataheza ngo abafashe gushika kuvyo bifuza( Murambabarira ntaco ndabiziko cane, yamara muri kino gihe nkeka arivyo bita amadayimoni).

Uko biri kwose rero n’abahinga baremeza y’uko yaba inzitizi canke inkomezi vyose biba muri twebwe.

Muri twebwe rero hariyo udutima tuduha ivyiyumviro bimwe usanga bitwubaka, ibindi navyo bikadusambura bikaduca iyondoyondo. Ibitugora rero biri muri twebwe nyene, nayo ibiheza bikadushikira nyuma biraheza nk’ivyuririzi.

Ikibi si isazi ziduma ahantu, eka, ikibi ni ico ziba zaje zigana. Nawo wozisukako umuti zigahona, mu kiringo icazikweze kikihari , hazoca haza izindi, none hakurondera kwica isazi  zose uzihora kumoterwa ntivyohava bikubera vyiza kurondera ikizizana akaba arico wirenza?

Abasokuru bayamaze bati”uwanka isazi ata akanuka”. Uraraba neza , ntuhange amaso cane ingorane ufise, hanga nyabuna amamuko yazo. Abahinga bavuga ko ingorane zose ufise zifise amamuko yawe aho muri wewe nyene. Uburyo bwa mbere bw’uguhindura ibintu canke abantu , ni ukwihindura. Ntugasenge ngo invura ireke kurwa, ntugasenge ngo imiyaga n’ibihuhusi vy’ubuzima vyoye kuhaba, senga nyabuna usaba inkomezi vy’ukuvyirinda.

Imvura , imiyaga, ibihuhusi vy’ubuzima bizogusinzikaza bifatiye ku ho bigusanze uhagaze. Nturabe igitsure icamwa, eka, raba nzea imbuto wateye. Imbuto itewe niyo imera. Nturabane umujinya ubukene urimwo. Icara hasi utekane, utore urupapuro wandike , urabe imvo zose ziguteye kuba uri umukene uwu musi, maze uheze abe arivyo wita iminyororo .

Gura agakaye, k’iminyororo yawe, ukite iminyoror maze ugashiremwo ivyovyose ubona biguhanze bikubuza gutambuka, gutyo uheze witegurire urugamba maze ugende urayicagagura kamwe kamwe , dogiri dogiri mu kiringo c’imyaka itanu uzobe uhagaze widegemvya, utambuka bikaboneka ko ataco winona.

HINDURA IKIBANZA, UHINDURE IBIHE!

15,479 total views, 0 views today

Add Comment