Scroll to Top

# Indundi Sports | Djuma Iddy Saidi yavuze icatumye batsinda Rayon Sports

By Editor / Published on Tuesday, 30 Oct 2018 01:41 AM / /

 

Hari kuwa mungu w’ igenekerezo rya 28 Gitugutu ku kibuga  kiri Inyamirambo (stad Regional ),aho Umugwi Rayon Sports wari waraye wakiriye Umugwi Mukura Vs mu rukino rw’indwi ya 2 y’ihiganwa Azam Premier league ryo mu gihuugu c’u Rwanda.

Urukino rukaba rwararagiye Umugwi Rayon sports utsinzwe n’Umugwi Mukura Vs ibitsindo 2 -1,ibitsindo bibiri vya Mukura Vs bikaba vyinjijwe na Ndizeye Innocent, mugihe ica Rayon Sports cinjijwe na Manzi Tierry. Inyuma y’urwo rukino Indundi Sports yararondeye Umukinyi w’Umurundi akina hagati mu mugwi Mukura Vs Djuma Iddy Saidi ballack ibaza impamvu yoba yatumye batsinda Rayon Sports akaba yagize ati” ikintu mbona catumye dutsinda Rayon sports n’uko mu myimenyerezo twize cane ingene Rayon sports ikina ndetse dukurikiza nivyo umumenyereza atubwira ivyo nivyo vyatumye dutsinda Rayon sports “. Iddy Saidi Ballack akaba yinjiye muri Mukura Vs uyu mwaka ameze gushira umukono Ku masezerano yo guhakina imyaka ibiri, akaba amaze gukina inkino zose zibiri zompi Umugwi Mukura Vs umaze gukina.

 

 

 

18,065 total views, 0 views today

Add Comment