Scroll to Top

Sat-b buca ashitsa ico abamukurikirana bamusavye

By KING YANN COOL / Published on Friday, 02 Nov 2018 12:38 PM / /

 

 

View this post on Instagram

 

A post shared by Sat-B intelligent Bad Boy (@satb_satura) on


Ata gihindutse urugendo Sat-b yafashe yerekeza muri Tanzania, ruzovamwo akaririmbo azokorana na Meddy.

Mu gihe Sat-b yaragize igihe asabwa n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe ko akorana akaririmbo n’umuririmvyi w’umunyamahanga, Sat-b agiye gushitsa ico basavye.

Ico gihe naho kitaramenyekana, ariko amakuru indundi ifise nuko Sat-b yerekeje Tanzania aho ajanywe n’ugukorana n’umuririmvyi w’umunyarwanda Meddy, nawe asanzwe ariyo ari muri kino gihe.

 

View this post on Instagram

 

First time IN TANZANIA. Niko Dar maze !!!!! @romyjons we up to something BIG, best believe!!!!! Watch this space🔥🔥✈️

A post shared by Meddy (@meddyonly) on


Uwo muririmvyi yitezwe aha iwacu mu kwezi kw’12, akaba agiye gukorana na Sat-b akaririmbo ngo bikunde ashitse ico abakunzi biwe bamusavye nkuko Sat-b yabiyagiye Akeza.

Sat-b akaba kandi agiye gukorana na Meddy mu gihe akaririmbo yari yakoranye na Dully Sykes, katahavuye gashirwa ahabona na LEC bari bamushigikiye mu kugakora.

Amakuru kandi indundi ifise nuko Sat-b yoba yajanye muri Tanzania n’uwusanzwe arongoye ubunywero Cristal ari nabwo bwahamahaje Meddy kuzoteramisha abanya Bujumbura.

11,571 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment