;
Scroll to Top

Willy Uwizeye ashira ahabona urukurikirane rushasha

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 03 Nov 2018 00:58 AM / No Comments / 227 views

Aturutse muri leta zunze ubumwe za amerika, Willy Uwizeye uno musi ashira ahabona urukurikirane rushasha rw’indirimbo ziwe.

Uno musi wa 6, niho umuririmvyi Willy uwizeye asanzwe aririmba indirimbo zihayagiza Imana aza gushira ahabona Urukurikirane rwiwe rushasha.

Ico gikorwa c’ugushira ahabona urwo rukurikirane aza kubikorera muri Canada, I Montreal mu rusengero rwa Porte des Brebis.

Muri ico gikorwa kiza gukurikiranwa ata mafaranga batanze mu kwinjira, uwo muririmvyi araza kubasha kugurisha CD z’izo ndirimbo ziwe. Amakuru indundi ifise akaba avuga ko iza kuba igurwa ari $20.

Willy akaba atazoba ajanywe muri Canada n’ugushira ahabona ivyo bikorwa gusa, kuko yanatumiwe kuririmba mu nyigisho zizohabwa abagabo muri kimwe mu bikorwa bizobera muri Canada.

Mwokwibuka ko Willy n’umuryango muri kino gihe babarizwa muri Leta zunze ubumwe za amerika.

4,119 total views, 0 views today

Tagged as: