Scroll to Top

Sat-b yavuze Ku ndirimbo bokorana na Big Fizzo

By KING YANN COOL / Published on Saturday, 03 Nov 2018 13:39 PM / /

Sat-b avuga ko kugira akorane n’umuntu, aba afise aho ashaka kuva n’aho ashaka kuja. Big Fizzo nawe gushika ubu ngo nta mugambi amufiseko.

Mu gihe abatari bake bibaza ko Sat-b na Big Fizzo aho umwe aciye uwundi yohaturira. Sat-b yavuze Kuvy’ugukorana nawe akaririmbo.

Aganira na bagenzibacu, Sat-b yabajijwe ryari bazosubira gukorana na Big Fizzo akaririmbo, ubona ko bamaze gukorana akaririmbo bise Wezere.

Sat-b yishuye ko bitakimworohera kwishura ikibazo kiraba Big Fizzo, kuko abantu bavyakira ugutandukanye. Kubwiwe ngo hari ababifata neza, abandi bagafata nabi inyishu ziwe.

Sat-b yavuze ko ata mugambi afise wo gukorana na Big Fizzo akaririmbo, ariko ngo nka hamwe we avyipfuje ngo imiryango iruguruye, ngo ntiyomwankira.

Muri ico kiyago na Akeza Webtv, Sat-b yanavuze ko kugira ategure gukorana akaririmbo n’umuntu, ngo nuko aba afise aho ashaka kuva, n’aho ashaka gushika.

Mwokwibuka ko Sat-b abarizwa muri Tanzania aho yagiye guhura na Meddy ngo bikunde bakorane akaririmbo, ako kakazosohoka mu kwezi kw’12 kandi kagasohokana n’amasanamu.

8,056 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment