;
Scroll to Top

Irankunda Suavis mu bahagarikizi bazohagarikira inkino zitiriwe Women Africa cup of Nation

By Janvier Nzokurigomba / Published on Sunday, 04 Nov 2018 07:35 AM / No Comments / 181 views


Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF ryashize ahabona urutonde rw’abahagarikizi 25 bazohagararira inkino z’igikombe citiriwe Women Africa Cup of Nations zizobera mu gihugu ca Ghana kuva kw’igenekerezo rya 17 Munyonyo umwaka w’2018 gushika kw’igenekerezo rya 1 Kigarama umwaka w’2018.

Muri abo bahagarikizi bazohagararira izo nkino harimwo umurundikazi ariwe Irankunda Suavis uyo nawe akazoba ari muri 13 bo hagati mu kibuga mu gihe abandi 12 nabo ku mpande z’ikibuga.

Abahagarikizi bo hagati akaba ari aba bakurikira:

1) Suavis Irantunga ( Burundi ) afise imyaka 29

2) Viana Letticia ( Eswatini) afise imyaka 30

3)Lidya Tafesse Abebe ( Ethiopa) afise imyaka 37

4) Juliet Appiah ( Ghana ) afise imyaka 29

5) Carolyne wanjala ( Kenya) afise imyaka 30

6) Maria Packuita Cynquela Rivet ( Mauritius) afise imyaka 33

7) Karboubi Bouchra ( Morocco) afise imyaka 30

8) Patience Madu Ndidi ( Nigeria ) afise imyaka 30

9) Fatou Thioune ( Senegal) afise imyaka 32

10) Jonesia Rukyaa kabakama ( Tanzania ) afise imyaka 28

11) Vincentia Amedome Enyonam ( Togo) afise imyaka 36

12) Dorsaf Ganouati ( Tunisia) afise imyaka 33

13) Gladys Lengwe ( Zambia ) afise imyaka 39

Abo Ku ruhande akaba ari 12 ni aba bakurikira:

1) Josiane Mbakop Nfongan ( Cameroun) afise imyaka 31

2) Denis Kassonoux Akoua ( Cote d’ivoir) afise imyaka 29

3) Mireille Mujanayi Kanjinga ( RDC) afise imyaka 28

4)Mona Mahmoud Atallah ( Egypt) afise imyaka 35

5) Mary Njoroge ( Kenya ) afise imyaka 30

6) Lidwine Pelagie Rakotizafinoro ( Madagascar ) afise imyaka 37

7) Bernadettar kwimbira ( Malawi ) afise imyaka 34

8) Victoire Queency ( ( Mauritius) afise imyaka 28

9) Fatiha Jermoumi ( Morocco) afise imyaka 33

10) Agatha Mimisen Iyorhe ( Nigeria ) afise imyaka 31

11) Cisse Adia ( Senegal) afise imyaka 31

12) Diana Chikotesha ( Zambia ) afise imyaka 29.

Imigwi ikaba iri mu matsinda bakurikira:

A) Ghana ( Hosts) , Algeria , Mali, Cameroon

B Nigeria , South Africa , Zambia , Kenya

3,570 total views, 0 views today