;
Scroll to Top

King Donny B arihanganisha abamukurikirana

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 04 Nov 2018 15:46 PM / No Comments / 194 views

Mu gihe Donny yaheruka kumenyesha abamukurikirana ko akaririmbo I’m in Love with You buca gashirirwa ahabona amasanamu, ngo ayo masanamu azoteba.

Aganira na Indundi Magazine, yavuze ko igituma aruko amasanamu yari yateguye gufatira Texas atabaye agikorwa, ivyo navyo bikaba vyaturutse kuko umwigeme bari gukorana yagize ibibazo.

Uwo muririmvyi yabandanije atubwira ko mu kurindira ayo masanamu, ngo akaririmbo Ohh God kariko gakorwa na Amir Pro ariko kazoca gashirwa ahabona imbere yayo. Aho naho ngo akaba ari vuba.

Ako karirimbo gasohotse kakaba kazoba gasimbuye Adorable yari imaze igihe yarasohorewe amasanamu.

Sponsored

4,211 total views, 0 views today