Scroll to Top

Abaterekwa B Face ngo bahinduye umukenyuro mu kumucafuza

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 04 Nov 2018 16:12 PM / /

Abaterekwa B face bahinduye umukenyuro, ubu bageze gukoresha Facebook mu ntumbero yo kumucafuza.

Abashaka gucafuza izina rya B face ngo babandanya bahindura imikenyuro, ubu bakaba bageze gukora Facebook ziri Ku mazina yiwe.

B Face akoresheje urubuga rwiwe rwa Facebook, yaburiye abamukurikirana kugira ntihagire uwurwa muri uwo mutego, kuko hari abatanguye kwandikirwa n’uwo muntu.

Uwo muntu akaba yuguruye urwo rubuga rwitwa B-face B-Face, mu gihe iyo asanzwe akoresha bwite ari B-face on The’flo. Iyo Facebook ikaba isohotse mu gihe asa n’uwudacana uwaka n’abaririmvyi batandukanye ba hano iwacu, bamwe bakaba bamaze no kuvyumvikanisha mu miziki yabo.

13,448 total views, 0 views today

Add Comment