Scroll to Top

Ibiriko biraba kuri Real Madrid, Ramos abita ku bakinyi bo nyene ubwabo

By KING YANN COOL / Published on Monday, 05 Nov 2018 02:35 AM / /

Naho baheruka gutsinda bari bamaze igihe badatsinda, abakunzi b’umurwi wa Real Madrid babandanya kuzomerwa n’abakunzi b’uwo murwi.

Abakunzi ba Real Madrid nubu umutima nturi hamwe naho umurwi wabo uheruka gutsinda, kandi warumaze igihe atakigenda. Ivyo bikaba bibonekera mu nyifato y’ukuzomera bamwe mu bakinyi b’uwo murwi nkuko tubikesha bagenzi bacu bakorera Goal.

Ico kinyamakuru kimenyesha ko bamwe muri abo bakinyi barimwo kizigenza wawo, Sergio Ramos, ngo bazomerewe naho bari bahejeje gutsinda 2 kuri 1 umurwi wa Real Valaldolid.

Ivyo uwo kizigenza we akaba atabiha agaciro kuko abamaze igihe muri uwo murwi ngo bari bakwiye kubimenyera. Aho akabivuga ko atahura cane inyifato y’abakunzi b’uwo murwi.

“Ndatahura cane inyifato y’abakunzi bacu. Ndi kizigenza, nije mboneka imbere y’abandi. Ndaryohewe kuba abakunzi ba Real batumbereje agashavu kabo kuri jewe. Abakinyi nibo nyendamuvano w’ibiriko biraba, n’ahabo ho kubihindura.”

Aho mukamenya ko uwo murwi warumaze igihe kitari gito kuva amahiganwa atangura badatsinda. Ivyo bikaba vyashitse inyuma yaho umukinyi Cristiano Ronaldo n’umumenyereza wabo Zinedine zidane bakinjuriye bagasezera uwo murwi.

Sponsored

9,499 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment