Scroll to Top

Mohamed Salah yahambije Cristiano Ronaldo

By KING YANN COOL / Published on Monday, 05 Nov 2018 03:23 AM / /

Naho babikoze bafise intumbero nziza, ababonye ico gishushanyo bo babifashe ukundi, babigereranya n’ico Cristiano Ronaldo.

Mohamed Salah nawe yahambije Cristiano Ronaldo mu gitigiri c’abakinyi bamaze kwubakirwa ibishushanyo. Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho Forum mondial de la jeunesse yerekaniwe muri egiputa igishushanyo ca Salah cashushanijwe n’uwitwa Mai Abdel Allah.

Naho we abandanya akora ibikora inka mu murwi wiwe wa Liverpool, abakurikiranira hagufi ivy’abakinyi b’umupira w’amaguru bo babona irindi jisho ico gishushanyo ciwe.

Mu gihe abakoze ico gishushanyi bamukoreye umutwe munini, amaboko n’amaguru bakagiri duto, ku mbuga ngurukanabumenyi batanguye kuvuga vyinshi kuri ico gishushanyo. Bamwe bakabona ko cakozwe nabi nk’igishushanyo ca Cristiano Ronaldo giheruka kwubakwa.

Ico gishusho kikaba cari cakozwe ngo bikunde cereke urunganwe rw’ubu rwo muri Egiputa, iterambere ry’urwaruka, co kimwe n’uguha akarorero k’ukwiyemeza gushika kuco wipfuza hamwe n’ukwizera.

Sponsored

9,628 total views, 0 views today

Add Comment