Scroll to Top

#Urwevu| Agura imihora mu bishobisho ( Emotions). Woye kugira uko ubukene bugize!

By Indundi Staff / Published on Thursday, 08 Nov 2018 10:27 AM / /
    Isanamu ngereranyo y’umuteka mutwe

Nk’uko rero bikunda kugaruka mu bitabo binyuranye dusoma vyanditswe n’abaciye urwevu imbere yacu, burya ngo igituma umuntu ashira inguvu ziwe mu kintu( action) ahanini ngo ni ibishobisho biba bibimutumye. Ibishobisho rero ngo bifise inguvu zikomeye kurusha n’ibi vyiyumviro vyacu dufise ari naco gituma mubona hagera aho abantu bafata ingingo zikomeye bagakora ibintu nawe ubibonye uca wibaza no ” Mbe uwu muntu arakomeye koko?. Mu ngingo mbi zishika gufatwa ni nk’ukwiyahura.

Vyinshi ivyo ukora rero ubikora kubera ibishobisho. Ni birya vyinshi ukora wibaza ngo wabanje kwiyumvira mu bisanzwe uba ubikoresheje n’ibishobisho. Ubikora kubera wumva umengo nivyo bigukwiye, ufatiye k’ukuntu wumva umerewe na canecane n’ukuntu wumva woheza ukamererwa mu kiringo wobikora( Anticipation).

None mu bijanye n’ubutunzi ni gute ko twese dushaka amafaranga?

Kimwe kibi cane c’ubukene n’uko bushobora kugushira ku murongo , ugateba ukemera ko , hakurondera kubuvamwo nyabuna worondera uko wububamwo. Uraheza rero ugaca urondera gushinga imizi mu kabande bwagutayemwo, ugaheza ukarondera kuba aho nyene, bukaguhwikira ugatuna bugatondera maze iciyumviro c’uko woba umutunzi ukagishira kure nk’ukwezi. Aha rero niho havuye wa mwibutsa wa Basokuru ngo “inkezi ikera ubwo bireha”. Uraheza ukarondera gukera ubwo mureha, ivyo ku misozi ukumva vyobazwa abandi.

Aho rero buba bwaragukandamije mu nzira z’ibishobisho( Emotions) , burazibira inzira zose zogutuma wibaza ko woba mu bo hejuru, bugaheza bukagucisha mu tuyira twahagufi, mu bisanze mu tuyira dusanzwe tw’imigenderanire( Mu buryo bw’ibishobisho).

Wibuke ko abahinga baguhanura ko hagati y’ivyo urimwo( Stimulus) hamwe n’inyifato ugira bwa nyishu kuri vyo( Response), wewe ufise uburenganzira bw’uguhitamwo. Abasokuru bagira ngo “Ntugire uko ubukene bugize”. Urafise guhitamwo mu buryo bw’ibishobisho y’uko ivyo urimwo bitazokunesha. Urafise uburenganzira bw’ukwiyumvira ubuzima bwiza woshobora kubamwo naho wamengo ivyo warimwo ntahandi vyokujanye atari mu manga.

Imana yaraguhaye ubushobozi ibindi bikoko bidafise, bw’ugukoresha ivyiyumviro vyawe ukarema , ukava mu vyo urimwo ukaba ivyo wifuza. Nyaragasa rero ufate iyo ngingo, ufise ivyiyumviro, ntaco utoshikako kuko ntakidashobokera Imana( Mat 19:26).

FATA INGINGO Y’UKWIBONA NK’UKO WARI UKWIYE KUBA, HAKWIBONA NK’UKO URI.., NKUWASHITSE. VYOSE BICA MU BISHOBISHO.

7,003 total views, 0 views today

Add Comment