;
Scroll to Top

Jamal yasubiriye kuboneka mu biteramo

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 06 Nov 2018 07:08 AM / No Comments / 154 views

Mu gihe yaboneka mu gacerere kenshi, Jamal asubiriye kuboneka mu biteramo bitandukanye.

Inyuma y’ugufatanya na Natacha mu giteramo I lille mu bufaransa, Jamal buca yungikanya ikindi giteramo azokorana n’ibihangange nka Kijanya hamwe n’umuhinga Vdj Alain Mabilo.

Ico giteramo kikaba kizoba kibaye ica 2 akoze inyuma y’igihe asa n’uwutaboneka mu muziki ndundi. Uyu akaba muri kino gihe abarizwa mu bwongereza aho yagiye asanzeyo umukunzi wiwe n’umwana wabo.

Jamal akaririmbo kiwe ka nyuma yaheruka gushira ahabona akaba ari, Wagiye he? , ako kakaba kasohotse mu mpera z’umwaka wa 2017.

Sponsored

1,291 total views, 0 views today