Scroll to Top

Gn ngo atanga ubutumwa mu migani nka Yezu

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 06 Nov 2018 07:31 AM / /

Naho atigereranya na Yezu, ariko nawe ngo yandika mu migani nkawe, nico gituma akaririmbo kiwe bisaba akanya ngo ugatahure.

Akazi k’abamenyeshamakuru ngo nako kubariza abatatahuye kugira batahure. Ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Gn Lfls mu kiyaho yagiranye na bagenzi Bacu.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi yariko abazwa ivy’indirimbo yiwe nshasha yise Shetani mva inyuma. Aho yasobanura amajambo ayigize arimwo n’amajambo afobetse.

Abajijwe impamvu, Gn avuga ko asanzwe yandika mu migani nka Yesu, ngo nico gituma bisaba akanya kugira umuntu abashe gutahura izo ndirimbo.

Gn akaba yanagiriyeko avuga ku nkomoko y’indirimbo, aho avuga ko inkomoko ari yayindi nyene, mpwemu yera. Aho akavuga ko rimwe haba hari ubutumwa Imana yamuhaye ngo atange, ahandi akaba ari ikiba cabaye.

Mukibuka ko Gn ari umwe mu batarabwa ryiza na bamwe mu bakunzi ba Gospel. Imvo n’uburyo baririmba n’imidiho baririmbamwo.

2,792 total views, 0 views today

Add Comment