Scroll to Top

Amafaranga yahora atozwa abavyeyi b’abanyeshure yahagaritswe vy’agateganyo

By Janvier Nzokurigomba / Published on Tuesday, 06 Nov 2018 08:32 AM / /

Amafaranga yo gutegekaniriza kazoza abanyeshure hamwe n’ukwinonora imitsi yahora atangwa n’abavyeyi b’abanyeshure yaraye ahagaritswe vy’agateganyo n’ubushikiranganji bw’indero.

Kuri uyu wa mbere waraye uheze igenekerezo rya 5 Munyonyo umwaka w’2018, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Edouard Juma yari yaramutse agirisha ikiganiro abamenyeshamakuru aho yashikiriza ko ingingo yaheruka gufatwa n’ubushikiranganji avugira y’uko umunyeshure umwumwe ategerezwa kuriha amafaranga yo kwitegekaniriza kazoza (frais d’assurance mu kinyamazuru) hamwe n’ukwinonora imitsi (sports), ngo ubwo bushikiranganji bwabaye burayihagarika vy’agateganyo mu kurindira ko hari iyindi ngingo ifatwa.

Juma Edouard amenyesha ko iyo ngingo itafuswe burundu yamara ko yahagaritswe vy’agateganyo.

Nayo imvo nyamukuru yatumye hafatwa ingingo y’uguhagarika vy’agateganyo iyo yahahora ngo ni uko hibonekeje ibitagenda neza neza mw’ishirwa mu ngiro ry’iyo ngingo haba ku ruhande rw’abavyeyi (amakenga ku bijanye n’itozwa hamwe n’ikoreshwa ry’ayo mahera) ndetse n’urwabarezi (aho bamwe baciye bagira amakomite y’ishure ajejwe gutoza n’ugushingura ayo mafaranga abandi bagaca baboneraho akaryo ko kwirukana abarerwa baba batarashobora kuronka ayo mafaranga ngo bayatange).

8,172 total views, 0 views today

Categories : Education homepage kirundi

Add Comment