Scroll to Top

#indundi Sports| Ingendeshwa Rayon Sports  yaguriye abakinyi iri ku rwego rwo hejuru

By Radjabu Bosingwa / Published on Tuesday, 06 Nov 2018 07:55 AM / /

 

Umugwi Rayon sports wo mu gihugu c’Urwanda, ukinamwo umukinyi w’umusatirizi w’Umurundi Bimenyimana Bon fils Caleb , waguze Umuduga ( Bus)  uzohora wunguruza abakinyi bawo.

 

Uyo muduga ukaba ufise irangi  ryera n’iryirabura, ariko mu misi iri mbere bashobora guhindura irangi bagashira irangi Rayon Sports isanzwe ikoresha mu nyambaro zayo , uyo muduga ukaba uri Ku rwerwo rw’iyindi miduga Imigwi ikoma komeye ikoresha  muri Africa . Rayon Sport ukaba ari Umugwi ukurikiye APR Fc hamwe na Mukura Vs mu Rwanda ifise imiduga  yayo itwara abakinyi.

 

Mukamenya ko umugwi Rayon Sports ari umugwi ukomeye ariko ukaba ata muduga wo kwunguruza abakinyi waru ufise.

7,523 total views, 0 views today

Add Comment