Scroll to Top

Natacha yifatiwe mu gahanga na Manager wa Sat-b

By KING YANN COOL / Published on Tuesday, 06 Nov 2018 07:40 AM / /

Naho Natacha yavuze ibitari ku mafaranga n’umuziki, Manager wa Sat-b yavuze ko ayo mafaranga yishimiriza abarizwa kuri compte y’umugabo.

Mu gihe natacha yaheruka kwandika ku rubuga rwiwe rwa Facebook ko amafaranga ariyo akora umuziki, ata mafaranga ata Muziki, uwo muririmvyikazi atanguye kwifatirwa mu gahanga.

Manager wa TNB yanditse nawe Ku rubuga rwa Facebook ko atari vyiza kwifatira mu gahanga abaririmvyi naho woba ubasunvya amafaranga.

Wanda akavuga ko ayo mafaranga Natacha yishimiriza ngo aba kuri compte y’umugabo.

Aho akaba kandi yanagarutse mu rugendo yakoze muri Tanzania aho ngo abamwakiriye boba bararishwe amafaranga ngo bikunde baje ku kibuga c’indege. Igituma ngo nuko abo bigeme bamwakiriye bari bamwe baja muma masanamu y’indirimbo “Video Queens”.

Wanda ntiyagarukiye ngaho gusa kuko yanavuze ko ivyo natacha yakoreye muri Tanzania kwari ukugira akange abarundi, imboneshakure hamwe n’insamirizi. Ariko akavuga ko ababonye uwo mukenyuro batwengeye indani barihorera.

Ivyo bishikirijwe mu gihe we ari ku mugabane wa buraya, nayo Sat-b ari muri Tanzania gukora indirimbo na Meddy.

Bishikirijwe kandi mu gihe umu DJ wa Sat-b n’uwa Natacha muri ino misi basa n’abatariko bacana uwaka.

 

8,920 total views, 0 views today

Add Comment