Scroll to Top

Abarundi bakeneye amashirahamwe aza gufasha mw’iterambere atari ayaza kubasamaza

By Janvier Nzokurigomba / Published on Wednesday, 07 Nov 2018 03:52 AM / /

Abarundi bakeneye amashirahamwe mpuzamakungu aba aje kugira ngo agire ico afasha mw’iterambere ry’igihugu n’abenegihugu atari ayaza kubasamaza.

Ivyo ni ibiherutse gushikirizwa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunda igihugu n’iterambere ry’abenegihugu Pascal Barandagiye mu kiganiro aheruka kugirisha abamenyeshamakuru aho yanamenyesheje ko amashirahamwe y’abanyamahanga agera kuri 25 ariyo amaze kwiyandikisha mu ntumbero y’ugukurikiza akamo gaherutse guterwa na Reta y’Uburundi.

Umushikiranganji Brandagiye yaboneyeho n’uguhamagarira abayobozi ba cumi na rimwe muri ayo mashirahamwe batanze amadosiye atujuje neza ko boyuzuza mu maguru masha.

Twokwibutsa ko ingingo y’uguhagarika amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu y’abanyamahanga yafashwe mu nama nkuru y’umutekano yo kuwa 26 Nyakanga 2018 ihagarikiwe na Nyenicubahiro Perezida Petero Nkurunziza aho hasabwe ko ayo mashirahamwe yokurikiza itegeko riyagenga ryo mu mwaka w’2017.

9,457 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi societe

Add Comment