Scroll to Top

Intamba U23 : Ndikumana Seleman ku rutonde rw’abakinyi b’intamba baza gukina na Messager Ngozi

By Radjabu Bosingwa / Published on Wednesday, 07 Nov 2018 03:32 AM / /

Kizigenza w’umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba w’abakuze Ndikumana Yamin Seleman yashizwe ku rutonde rw’abakinyi b’intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 23 baza gutana mu mitwe n’umugwi Messager Ngozi hariya ku kibuga c’Urukundo, urukino rwa kivandwimwe rwo kwitegurira inkino zibiri zo kurondera itike yo kuja mu gikombe ca Africa CAN y’abatarenza imyaka 23 zizobahuza na Tanzania hagati ya magenekerezo ya 12 Munyonyo (i Dar Es Salaam) na 20 Munyonyo (hano i Bujumbura)

Urwo rukino rukaza kubera mu ntara ya Ngozi kuri uyu wa gatatu isaha icumi 16h00. Ndikumana Yamin Seleman akaba yari amaze amezi abiri adahonyoza ikirenge mu kibuga kubw’imvune, bikaba biboneka y’uko ariko arategurwa kugira azoze kwifadikanya n’abandi bakinyi b’intamba mu rugamba y’abakuze ( Senior) mu rukino rwo kurondera itike yo gukina CAN 2019 izobera muri Cameroun, urwo rukino rukazobahuza na Sudani y’epfo kw’igenekerezo rya 16 Munyonyo umwaka wa 2018.

Aba nibo bakinyi b’intamba U23 baza gutangura mu kibuga:

1.RUKUNDO Onesime

2.SELEMANI Mustafa (C)

3.MURYANGO Moussa

4.NAHIMANA Stive

5.NDAYE Chancel

6.NDAYISHIMIYE Yussuf Nyange

7.MURYANGO Mabano

8.MUSORE Aaron

9.KANAKIMANA Bienvenu

10.RAMADHAN Pascal

11.IRAKOZE Saidi

Abaza kugombora nabo ni aba bakurikira :

1.KITENGE Ally

2.BIGIRIMANA Séraphin

3.HAKIZIMANA Héritier

4.MUSELEMU Idi

5.NSHIMIRIMANA Jospin

6.MAVUGO Cédric

7.NDIZEYE Eric hamwe na

8.NDIKUMANA Yamin Selemani

6,888 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment