Scroll to Top

Basketball : Nahimana Bonfils yaguzwe muri APR BBC

By Janvier Nzokurigomba / Published on Wednesday, 07 Nov 2018 04:42 AM / /

Uwigeze gukinira umugwi Dynamo azwi kw’izina rya Nahimana Bonfils yahawe amasezerano mu mugwi APR BBC. Bonfis akaba yahawe amasezerano y’imyaka ibiri (2) yo gukinira umugwi APR BBC wo mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Aganira na mugenzi wacu w’umumenyeshamakuru Arsene Bucuti, Nahimana yavuze y’uko anezerewe cane kubona agiye gukina mu mugwi ukomeye nka APR BBC akaba ngo agiye gushiramwo inguvu nyinshi kugira ngo arabe y’uko yoshikana umugwi wa APR BBC kure.

Nahimana Bonfils akaba yarakiniye imigwi ya Dynamo A na B, yarakinye kandi no mu Rwanda mu mugwi Patriote hamwe na UGB, muri kino gihe akaba yaguzwe mu mugwi APR BBC.

9,480 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment