Scroll to Top

Davido yagirijwe umwana w’imyaka 5 yataye

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 07 Nov 2018 15:05 PM / /

Davido yagirijwe n’umukobwa avuga ko bagendanye, ko yanse kwemera uwo mwana.

Davido ngo yoba afise umwana w’imyaka 5 yihakanye, nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru muri Nigeria abishikiriza.

Anuoluwapo Adeleke akaba ariryo zina ry’uwo mwana w’umukobwa bivurwa ko ari uwa Davido. Uwo mwana akaba atemerwa na Davido kubera ngo hoba harabaye ibipimo vya ADN, ariko bikaboneka ko atari rwiwe.

Uwo munyamakuru yatangaje iyo nkuru avuga ko izo nyishu zoba zarasibanganijwe n’ibigirankana, ivyemezwa na nyina w’uyo mwana w’umukobwa.

Uwo mugore avuga ko yagendanye na Davido imisi mikeya imbere yuko amenyekana cane, asaba ko hobaho ibindi bipimo vyigenga kugira hamenyekane ukuri.

7,201 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment