Scroll to Top

Abagabo 10 bari mu bagendana basangiye ibitsina bafashwe n’igipolisi

By KING YANN COOL / Published on Wednesday, 07 Nov 2018 15:58 PM / /

Abagendana basangiye ibitsina, Homosexual, bari mu yabira muri Tanzania. Ivyo n’inyuma yaho Umukuru w’igisagara ca Dar es sallam asa n’uwutanguye kubahigisha urushinge.

Mw’izinga rya Zanzibar, 10 muribo bakaba bamaze gufatwa nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru bongo5 abishikiriza. Ivyo ngo bikaba vyemewe n’umwe mu barongozi b’igipolisi muri ico gihugu.

Uwo mutware ngo akaba yabwiye ibinyamakuru ko amatohoza agiye gutangura ngo hamenyekane ivy’abo bagabo bafashwe.

Bamwe mu baserukira ibihugu vyabo muri Tanzania bakaba batanguye kuburira abasanzwe bakomoka mu bihugu vyabo kuri izo ngingo zafashwe. Ariko leta ya Tanzania yo ikaba ihakana ivyo bivurwa, kuko ngo ivy’iryo sekeza vyoba biriko bikorwa na Paul Makonda Ku giti ciwe.

Mukamenya ko ukuryamana musangiye ibitsina ari icaha gihanwa n’amategeko muri ico gihugu ca Tanzania.

5,586 total views, 0 views today

Add Comment