Scroll to Top

Yashimiye abarundi baba muri Sudani y’epfo

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 08 Nov 2018 10:46 AM / /

Uwusanzwe ari umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB akongera akaramutswa inama nkenguzamateka Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo yashimiye abarundi baba mu gihugu ca Sudani y’epfo k’ukuntu bariko bahimirizanya kugira bazoze ari benshi mu gushigikira umugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba mu rukino rwo kuwa 16 Munyonyo umwaka w’2018 isaha icumi 16h00 kugira berekane uburemere bw’urwo rukino nawe azokwifatanya n’abakinyi aho i Juba.

Akaba yanditse ati “Turashimiye Abarundi baba muri Sudan y’epfo kukuntu bariko bahimirizanya kugira bazoze ari benshi gushigikira umugwi w’intamba mu rugamba mu rukino rwo kuwa 16 Munyonyo 2018 isaha icumi 16h00. Kugira twerekane uburemere bw’urwo rukino, natwe tuzokwifatanya n’abakinyi bacu aho i Juba . Imana ibaje imbere bazotahukane intsinzi”.

Mwokwibuka ko Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo , yamaze kwemerera umugwi nserukira gihugu w’intamba mu rugamba imiriyoni 50 niwaramuka utsinze urwo rukino ruzowuhuza na Sudan y’epfo.

7,163 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment