Scroll to Top

Favie aravuga kw’ivavanura na Redemption Voice

By KING YANN COOL / Published on Thursday, 08 Nov 2018 11:53 AM / /

Ivavanura na Redemption voice ntiryari vyoroshe, ariko kandi nta rwanko rwarimwo.

Ukuvana na Redemption ntivyabaye ingingo yafashr minenerwe, kuko n’igikorwa yabanje gusengera, ivyo bikaba biheruka gushikirizwa na Favie umwe mu bigeme babarizwa muri Redemption Voice.

Mu kiyago yagiranye na bagenzi bacu, uwo mwigeme avuga ko bitari vyoroshe kuvana n’abantu mwakoranye imyaka 8. Favie akavuga ko yavanye nabo kuko hari ivyo batari bagihurizako, ngo aca ahitamwo gukonjura.

Favie avuga ko naho batakiri kumwe, ihangiro ari rimwe, kandi n’ubucuti buracari bwose. Abajijwe ko bimworohera, avuga ko Ku ruhande rwumwe vyoroshe ariko ku rundi ruhande bitaba vyoroshe.

Mukamenya ko Favie aheruka gutahukana ibikombe 2 muri Pamoja Awards, mu gihe yaramaze amezi 5 gusa atanguye gukora Ku giti ciwe.

9,937 total views, 0 views today

Add Comment