;
Scroll to Top

Umushingamateka Agathon Rwasa yaraye yankiwe gushinga umugambwe FNL Amizero y’abarundi

By Janvier Nzokurigomba / Published on Friday, 09 Nov 2018 01:51 AM / No Comments / 417 views

Umushingamateka Agathon Rwasa yaraye yankiwe gushinga umugambwe “FNL Amizero y’abarundi” ku mvo z’uko ngo hari uwundi mugambwe wemewe n’amategeko ufise izina, ibimenyetso hamwe n’icivugo bisa n’ivy’uwo mugambwe yariko asaba kwemererwa mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati.

Nk’uko bibonekera mw’ikete inomero 530/2276/CAB/2018 ryo kuwa 8 Munyonyo umwaka w’2018, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, inyigisho zo gukunga igihugu n’iterambere ry’abenegihugu yandikiye umushingamateka Agathon Rwasa ryishura iryo uwo mushingamateka yari yaranditse kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka w’2018, umushikiranganji Pascal Barandagiye avuga ko bamaze kwihweza ibiri muvyo umushingamateka Rwasa Agathon yatanze kugira umugambwe wiwe wemererwe basanze izina, ibimenyetso hamwe n’icivugo vy’uyo mugambwe bisa n’ivyuwundi mugambwe usanzwe wemewe n’amategeko.

Umushikiranganji Barandagiye ahamagarira umushingamateka Agathon Rwasa kwubahiriza ibitegekanijwe mu ngingo ya 27 y’itegeko inomero 1/16 ryo kuwa 10 Nyakanga umwaka w’2011 risubiramwo itegeko inomero 1/006 ryo kuwa 26 Ruheshi umwaka w’2003 rigega ingene imigambwe ishingwa n’ingene ikora.

3,797 total views, 0 views today