Scroll to Top

Abarimyi n’aborozi ngo bagiye kuza bararonswa ingurane

By Janvier Nzokurigomba / Published on Friday, 09 Nov 2018 04:30 AM / /

Nk’uko vyaraye bishikirijwe na Yohani Ciza asanzwe aramutswa ubuyobozi bw’ibanki nkuru y’igihugu, abarimyi n’aborozi ngo bagiye guhora baronswa ingurane, ibitahora bikunda mu misi iheze.

Kuri uno wa kane waraye uheze, igenekerezo rya 8 Munyonyo 2018, umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu Yohani Ciza yamenyesheje ko ibanki nkuru y’igihugu igiye gushiraho uburyo bwo kuronsa amabanki atandukanye hamwe n’amashirahamwe yo kuziganya no kuguranana kugira ngo nayo azoshikirize ubwo buryo abantu bakeneye ingurane basanzwe bafise imigambi y’iterambere itandukanye mu bijanye n’uburimyi hamwe n’ubworozi.

Yohani Ciza yashikirije kandi ko abahora bafise impungenge ko abari mu burimyi n’ubworozi badashobora gufata ingurane kubera badafise ababashigikira mu buryo, ko bagiye gukorana n’amabanki kugira bafashe gushigikira abakorera muri ivyo bisata mu ntumbero yo kunagura ubutunzi bw’igihugu biciye mu burimyi n’ubworozi.

6,158 total views, 0 views today

Add Comment