;
Scroll to Top

Aho bukera ngo hazokwibonekeza ikena ry’amazi mu makaritiye amwamwe yo mu gisagara ca Bujumbura

By Janvier Nzokurigomba / Published on Friday, 09 Nov 2018 08:40 AM / No Comments / 123 views

Nk’uko ryabishikirije mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uno wa kane waraye uheze igenekerezo rya 8 Munyonyo umwaka w’2018, ishirahamwe rijejwe gukwiragiza amazi n’umuyagankuba mu banyagihugu Regideso riramenyesha ko aho bukera kuwa 10 Munyonyo hazokwibonekeza ikena ry’amazi mu bibanza bimwe bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura ku mvo z’uko iryo shirahamwe rizoba ririko rirasanura umuringoti wononekaye.

Iryo shirahamwe rimenyesha abanywanyi baryo baba mu gisagara ca Bujumbura ko kubera ibikorwa vyo gusanura umuringoti urungika amazi kuri Brarudi n’ama karitye ahegereye hamwe no ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura bizoba biriko birakorwa aho bukera ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 10 Munyonyo kuva isaha zibiri z’igitondo, itangwa ry’amazi muri ayo makaritiye ngo ntirizogenda neza.

Ni muri iyo ntumbero iryo shirahamwe rihamagarira abanyagihugu basanzwe baba muri ayo makaritiye ko bokwiyungunganya mu kuziganya amazi no kuyakoresha neza mu kiringo ivyo bikorwa bizoba bitararangira, ryongera rihumuriza ko rizokora ibishoboka vyose kugira ivyo bikorwa bitebuke guhera.

11,464 total views, 0 views today

Tagged as: