Scroll to Top

Buja FM igiye gutana mu mitwe na Club du Lac Tanganyika

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 09 Nov 2018 03:22 AM / /

Abamenyeshamakuru b’insamirizi Buja FM bagiye gutana mu mitwe n’abakozi b’ihoteri Club du Lac Tanganyika. Urwo rukino rukazoba ari urukino rw’ikivandimwe ruri mu ntumbero yo gukomeza ubucuti hagati y’iyo igwi ibiri, rukazoba aho bukera kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 Munyonyo umwaka w’2018 ku kibiga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore igihe c’isaha zine zo mu gitondo 10h00.

Akaba ari akaryo keza ko kuzokwibonera amaso mu yandi abamenyeshamakuru b’iyo nsamirizi mwikundira nka Alain Muhirwe, Landry Rukundo , Elvis Iradukunda, Kevin Gakiza, Visa Steevo , Arsene Bucuti, Amidou Hassan , Bukuru Daniel n’abandi batandukanye.

Kwinjira hazoba ari ku buntu nk’ukwo twabiyagiwe na bagenzi bacu bamenyesha amakuru ku nsamirizi Buja FM.

4,429 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports

Add Comment