Scroll to Top

Primus League: Ihiganwa ryabaye rirahagaritswe vy’agateganyo

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 09 Nov 2018 03:47 AM / /

Ihiganwa rya Primus league ryabaye rirahagaritswe vy’agateganyo kumvo z’imyiteguro y’intamba mu rugamba y’abatarenza imyaka 23. Umugwi w’intamba mu rugamba z’abatarenza imyaka 23 ukaba uriko uritegurira neza inkino zibiri wimirije zizobahuza na Tanzania zo kurondera itike yo gukina igikombe ca CAN U 23 kizobera muri Egypte mu mwaka buca dutangura.

Iyo ngingo ikaba yafashwe n’igisata kijejwe gutunganya inkino mw’ishirahamwe ry’umupira wa maguru mu Burundi FFB kuri uyu wa kane carasohoye ikete rihagarika izo nkino z’indwi ya 15 ya Primus league Burundi. Ico gisata kijejwe gutunganya inkino za Primus league Burundi FFB kikavuga y’uko kizomenyesha igihe iryo higanwa rizobandaniriza, mu kurindira ko CAF iba iratanga ikiringo c’inkino za CAF champions league hamwe na CAF Confederation Cup aho zizotangurira.

6,127 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi Sports
Tagged as:

Add Comment