Scroll to Top

# Indundi Sports | Napsa Star |Bibiri vyompi vyinjijwe na Mavugo Laudit

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 28 Jan 2019 00:31 AM / /

Umukinyi w’Intamba mu rugamba Mavugo Laudit yaraye atsindiye Napsa Star ibitsindo bibiri ku gatwe kiwe .

Hari kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 27 Nzero umwaka wa 2019 aho ihiganwa ryo muri Zambia ryari riramutse ritangura kundwi yayo ya mbere, umugwi Napsa Star ukinamwo Mavugo Laudit wari wakiriye Nkwanzi Fc birangira Napsa Stars utsinze Nkwanzi Ibitsindo 2-0.

Ivyo bitsindo bikaba vyatsinzwe n’umusatirizi w’Intamba mu rugamba Mavugo Laudit , igitsindo ca mbere yagitsinze Ku munota wa 23 w’urukino, mugihe icakabiri yagitsinze ku munota wa 48 w’urukino . Mavugo Laudit akaba yagiye mu Mugwi Napsa Star avuye mu Mugwi Simba Sc yo mu gihugu ca Tanzania .

Add Comment