Scroll to Top

# Indundi Sports | Nahimana Shassir yaraye ahawe amasezerano muri Al Mujazzal Club

By Radjabu Bosingwa / Published on Monday, 28 Jan 2019 01:06 AM / /

Umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Nahimana Shassir yaraye ahawe amasezerano mu mugwi Al Mujazzal Club wo muri Arabie Saoudite . Hari Ku musi wa Gatanu igenekerezo rya 25 Nzero umwaka wa 2019 aho Umukinyi wo hagati w’Intamba mu rugamba Nahimana Shassir yahabwa amasezerano yo gukinira umwaka n’igice Umugwi AL Mujazzal yo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Arabie Saoudite.

Shassir Nahimana akaba yari agiye muri Ak Mujazzal club wo mu cicaro ca kabiri avuye mu mugwi Nizwa Fc wo mu gihugu ca Oman aho yari ahamaze amezi atandatu akina

Add Comment