Home Burundi Ico ubushikiranganji bw'umutekano bushikiriza ku rupfu rw'uwahora agendesha ikinga

Ico ubushikiranganji bw’umutekano bushikiriza ku rupfu rw’uwahora agendesha ikinga

Umuntu umwe yahora yunguruza abantu n’ibintu kw’ikinga yaciye yitaba Imana nayo abandi barafatwa ku mvo z’amatohoza; aho ni inyuma y’intureka yadutse hagati y’abajejwe umutekano n’abanyonga amakinga yabereye hafi ya zone Rohero mu gisagara ca Bujumbura.

OPP1 Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano no gukinga ibiza

Mu kiganiro umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano hamwe no gukinga ibiza yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2019 kubijanye n’urupfu rw’umuntu yahora yunguruza abantu n’ibintu akoresheje ikinga yitavye Imana ahitanywe n’urusasu rw’inkoho y’umuporisi, OPP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko abaporisi bariko bakora akazi kabo ka misi yose kajanye no kubuza abagendesha amakinga gushika hagati mu gisagara bari bafashe ikinga baba bararaba aho barishira, niho umurwi w’abantu bagendesha amakinga waza kubatera amabuye gushika aho bashaka kwaka inkoho umuporisi bituma urusoro rumwiyaka ruhitana ubuzima bw’umuntu umwe muribo azwi kw’izina rya Jonas NDAYISHIMIYE yari yavukiye  mu Rubamvyi muri komine Gitega mu ntara ya Gitega mu mwaka w’1988.

OPP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko muriyo mishwamirano nyene umuporisi yitwa Thadée NDUWIMANA yahakomerekeye Abajejwe umutekano bakaba bahavuye bafata abari muri iyo migumuko.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji Petero Nkurikiye yamenyesheje kandi ko ibikorwa bibi nk’ivyo vyo gusotora abaporisi vyabaye nk’umugenzo muri ino misi abonera gukubitira akagohe abanyagihugu ko boza barubahiriza amategeko bakavavanura n’iyo ngeso igayitse kandi bakamenya ko iyo abaporisi bari ku gikorwa bahawe aba ari ku neza y’abanyagihugu.

Amatohoza akaba yaciye atangurwa gukora maze dosiye niyaheza gutegurwa izoheze irungikwe mu butungane.

Facebook Comments

Most Popular

Bella Hot Hot|Igituma ibiteramo bikomeye iburayi yari gukora vyahomvye

Bella Hot Hot ni Umurundikazi umwe rudende yashoboye kuboneka mubiteramo bikomakomeye aho yaboneka arikumwe canke aherekeje abaririmvyi bakomeye hano kumugabane wa Afurika...

Jeanjos Parfait nawe yahambije abandi kuri rwa rubuga mpunza makungu

Umuririmvyi Jeanjos Parfait asazwe akora indirimbo zihayagiza Imana(Gospel) nawe yaraye atewe iteka ry’ugushirwa kuri rwa rubuga rwa Wikipedia inyuma yabagenziwe bamutanguriye Umuririmvyi Jaenjos Parfait asazwe...

#Rumonge| Batakambira abarongozi basaba ko bobaronsa ihinguriro ry’ivyamwa

Imvura y'imigisha Ku vyamwa vya mandalena niyo yibonekeza mu ntara ya Rumonge ndetse no muri komine Rumonge,bikagaragazwa n'umwibu mwinshi wazo, uherekezwa n'imyidogo Ku barimyi. Indobo...

#diaspora|Mkombozi asaba ko izina Lucifer atamuntu yosubira kuryita Satan

Mu ntumbero yo gukura amakenga ku mpari kw'izina yitwa nka Lucifer, Nzeyimana Thomas yatanze umuco.Mu kiganiro n'imwe mu mboneshakure yo mu gihugu ca Tanzania...

Facebook Comments