Scroll to Top

U Burundi bwungutse ikibanza kimwe muri FIFA

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 07 Feb 2019 06:54 AM / /

Nk’uko mu bizi buri kwezi ishirahamwe ritwara umupira w’amaguru kw’isi FIFA ryama risohora urutonde rw’uko imigwi nserukira gihugu yama isumba sumbana ibibanza , Uburundi mu kwezi kwa Nzero bwungutse ikibanza kimwe, Bukaba buri mu kibanza ca 138 mugihe mu kwezi kwa Kigarama bwari bwafashe ikibanza ca 139.

Ibindi bihungu dusanzwe twegeranye nka Tanzania buri mu kibanza ca 137, Urwanda narwo rukaba ruri mukibanza ca 135, Kenya ikaba ari mu kibanza ca 106 mu gihe Uganda iri mu kibanza ca 77 Kw’isi yose igihugu gifata ikibanza ca mbere ni Ububirigi , Bugakurikirwa n’ubufaransa hamwe na Brezile.

Add Comment