Scroll to Top

Karim Makenz yitezwe mu rukino rukomeye uno musi

By Radjabu Bosingwa / Published on Saturday, 09 Feb 2019 05:11 AM / /

Karim Nizigiyimana batazira Makenz agiye kuboneka mu kibuga Ku ncuro yiwe yambere ari muri
Vipers Fc.

Inyuma yo kugurwa n’umugwi Vipers Fc ukina mu cicaro ca mbere mu Buganda kur’ uyu wa Gatandatu igenekerezo rya 09 Ruhuhuma Makenz yitezwe kuboneka ubwa mbere mu rukino ruza kubahuza na Ac Villa.
Imwe muma Derby akomey akunda
kuboneka mu gisagara ca Kampala.

Mu mpera z’ino ndwi akaba ariho yashira umukono ku masezerano y’umwaka yo gukinira Vipers Fc.

Mukamenya ko abaye Umurundi agira gatatu agiye gukinira Vipers Fc mur’ ino mwaka akazosangayo bagenzi we nka Mutombo Fabien hamwe na Ndizeye Seif batazira Thomson.

Add Comment