Scroll to Top

Masterland agiye gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo yise “EGO”

By king epimax / Published on Thursday, 14 Mar 2019 02:01 AM / /

Masterland agiye kuzoshira ahabona urukurikirane rwiwe rwa mbere rw’indirimbo kw’igenekerezo rya 21 Ndamukiza ,2019 kuri Lacosta Beach.

“EGO” ni album igiye guzoshirwa ahabona ubwambere numuririmvyi Masterland ,akaba avuga kwizoba irimwo indirimbo zirenga cumi na zitanu.akozoyishira ahabona biciye mugitera kizobera kuri Lacotsa Beach igiteramo categuwe na Bukivu Live Nation,MasterMuzik barikumwe na The Father Production . Abaririmvyi bamaze kumenyekana kobazoba bahari mwiryo shirwa ahabona ryiwe ryambere rya Album  ni Sat-B ,Vichou Peace and Love abandi bakazogenda babatumenyesha uko hazoba hariko haregereza.

Mwomenya kuwo muririmvyi Masterland yaheruka mubikorwa kivyo aho yariyateguye ihiganwa rya Challege Fungus NZOBIKORA rirangira ritahukanywe numurwi wabatamvyi bo mucibitoke mukibanza ca mbere abaronkejwe ubushimwe bakaba bashika kumurwi wabaye uwagatatu.

Add Comment