Scroll to Top

UEFA Champions league : Manchester United yatomboye guhura na Fc Barcelona

By Radjabu Bosingwa / Published on Friday, 15 Mar 2019 11:23 AM / /

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 15 Ntwarante umwaka wa 2019 ku cicaro ca UEFA kiri mu buswisi niho haramutse haba itombora ry’ukungene imigwi izohura mu gice 1/4 gishira ica nyuma c’ihiganwa rya Champions league.

Umugwi wa Manchester United ukaba watomboye guhura na Fc Barcelona mu gice ca 1/4 gishira ica nyuma ; ku rundi ruhande imigwi ibiri yo mubwongereza izohura nayo ikaba ari Manchester City hamwe na Tottenham , mugihe Juventus izohura na Ajax Amsterdam yo mu gihugu ca Holland , hama Liverpool nayo izohure na Fc Porto yo mu gihugu ca Portugal.

Inkino zose zo gutangura zizoba kuwa 11 Ndamukiza umwaka wa 2019 mu gihe izogusubiriza zizoba kuwa 18 Ndamukiza uwu mwaka nyene.

Add Comment