Scroll to Top

Natacha abarizwa muri Uganda kuraba ko yotahukana ihiganwa Hipipo Music Award

By king epimax / Published on Saturday, 16 Mar 2019 02:27 AM / /

Natacha n’umuvugizi wiwe Raphael Nyandwi alias Rapha  ndetse n’umumenyeshamakuru Ami Pro nibo bashoboye kumuherekeza bakaba bashitse impore muri Uganda.

Igenekerezo rya 15 Ntwarante 2019 niho bafata urugendo ruberekeza mu gihugu kibanyi c’Ubuganda Uwumuririmvyikazi Natacha akaba agiye kuraba ko yoshobora gutahukana ihiganwa risazwe ritegurirwa muri ico gihugu kibanyi, ihiganwa ry’itiriwe Hipipo Music Award ihiganwa riba rihurikiriyemwo abaririmvyi batandukanye bo muri kano karere turimwo ndeste na Africa. Nk’uko bigaragara agishika ku kibuga c’idenge ca ENTEBBE yakiranywe iteka ndetse n’umurisho w’ingoma z’igihugu cacu  tutibagiye n’abatamvyi.

Mwomenya ko uno musi igenekerezo rya 16 Ntwarante  mu masaha ya cumi na zibiri zo kugoroba zaha iwacu ariho haza gutangura ibirori bizakuba vyo kumenya uwatahukanye iryo higanwa rya Hipipo Music Award.

Add Comment