Scroll to Top

Primus League : Vital’o yanyagiye Flambeau du centre Messager Ngozi itsindwa na LLBS4A

By Radjabu Bosingwa / Published on Thursday, 13 Dec 2018 01:36 AM / /
Credit photo : Burundi Sports

Mu nkino zibiri z’ibirarane za Primus League zaraye zibereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 12 Kigarama umwaka wa 2018, aho urukino rwa mbere rwariko rurahuza umugwi Vital’O FC hamwe na Flambeau du centre rwaraye rurangiye Vital’o Fc inyagira Flambeau du centre ibitsindo 3 -1.

Ku rundi ruhande isaha icumi z’umuhingamo (16h00), umugwi Lydia Lydic  (LLBS4A) wari wakiriye umugwi Messager Ngozi , birangira LLBS4A itsinze Messager Ngozi igitsindo 1-0.

Mukamenya y’uko iyo migwi ibiri isigaje urukino rumwe rumwe rw’ikirarane kugira nayo ikwize inkino 17 co kimwe n’iyindi migwi bivanye y’uko iyo migwi yari imaze imisi iriko irakina inkino za ya CAF Champions League hamwe na CAF Confederation Cup iyo migwi yari imaze imisi iriko irakina.

Add Comment